NTUBE UMUGOROROTSI ARENGEJE URUGERO

Umusiguzi 7: 16

Abantu benshi bagerageza kwiyerekana ko bagendera ku Vyanditswe Vyera, ariko iyo uravye neza ukurikije umuco dukura m Vyanditswe Vyera nyene, usanga bamwe babiterwa n’ukwubahiriza idini. Nshatse kuvuga bimwe vyo kwereka umuntu ivyo akwiriye kurya no kunywa canke kwambara, kandi uwo muntu atarashika mu gihe co gukundana akaramata na Yesu-Kristo.

Ukwera kwawe ni kwaba gushingiye ku vyokurya  canke ku vyo kunywa wihanye, uracabura vyinshi mu kumenya Yesu. Kuk’ Ubwami bw’ Imana atar’ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka n’amahoro n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera (Abaroma 14: 17).

Dukwiye kwerekeza abantu ku Mwagazi w’Imana yitangiye ibicumuro vyacu tukizeza abatwumva bose ko uwo Yesu ariwe atweza kubw’amaraso yiwe. Kuko twebwe ntidushobora kwera.  Raba ko Imana itizigra abasavyi bayo, n’abamarayika bayo ngo ibabonamwo amafuti… Umuntu vyshoboka bite kw’aba uwera? Canke uwavyawe n’umugore, vyoshobka bite ko aba umugororotsi? Erega n’abera bayo ntaho ibizigira, mbere n’ijuru naryo ntiritunganye mu nyonga zayo, nanswe umuntu agayitse… agotomera ibicumuro nk’amazi? (Yobu 4: 18 na 15: 14-16) Kristu niwe yera. Erega, niyerekanwa muzoca mwrekanwa nawe mu bwiza (Abakolosayi 3: 4)

N’uko rero ntimuze mwubake gusa ku tuntu mwabwirijwe n’abantu gusa muri ya misi ya mbere igihe mwakira agakiza ariko mutere imbere mu kwegera Kristu no kumumenya. Ego navyo ntimwobireka, ariko muter’imbere mu guhishurirwa Kristu.
Iyo umuntu agitangura kwakira ubutumwa bwiza arashuha cane, akaziririza ivyo bamubwira kuziririza vyose. Ariko iyo ivyo kuziririza bibaye vyinshi mu bitekerezo bikatwibagiza ko Kristo ariwe kugororoka kwacu, dushobora guhera mw’idini gusa, tukibagira Kristu. Erega ngo umuvuduko w’inkoko ngo ntiyibuza kwituma mu rugo…

Muragabe.

Publié dans : |le 30 septembre, 2011 |Pas de Commentaires »

GIR’UMWETE WO KUMENYA INTAMA ZAWE, WAME UGABURIRA UBUSHO BWAWE (Imigani 27: 23).

Har’amajambo y’Imana dusoma mu gitabo cayo akatugora gutahura hakaba n’ayandi dusanga yoroshe, ku buryo naho umuntu yoyarengako atobona urwitwazo na gato. Abantu bafise ubusho bajejwe n’Imana, hano nibo babwirwa ngo: Gir’umwete wo kumenya intama zawe, wame ugaburira ubusho bwawe (Imigani 27: 23. Abamenyereye gucira imanza abapasitori bahava bibaza ngo nibo bavugwa mur’uwu murongo. Reka da! Havugwa uwari we wese afise uwo ashinzwe gucunga? Imana yabajije Kayini iti: Murumuna wawe ari hehe? Arishura ati sindahazi. Nabaye se umwungere wa murumuna wanje? (Itanguriro 4: 9). Yamara Kayini yaribeshe, kuko umuntu mubana mu nzu imwe, mu rugo rumwe, umubanyi wawe wa bugufi, uwo mujana ku kazi, uwo mukorana, uwo mutonze hamwe ku murongo ngaho kwa muganga, uwo mugendana mu nzira, uwo ari kumwe nawe ngaho mw’isoko, uramushinzwe ur’umwungere wiwe. Abanyabwenge mu vy’ijuru, bama bitwararitse kumenya ko abo babana bose bahagaze neza mu nzira y’agakiza. Uje wirinda kuvuga vya bigambogambo abantu bakunda vya politike, vy’abagore, vy’inzoga, n’ibindi bidahereranye. Ndababwize ukuri, ku musi w’urubanza, abantu bazobazwa ijambo ryose bavuze ry’amafuti barogotwa (Matayo 12: 36) Reka gutakaza umwanya, gerageza gushaka ukuntu winjiza mu bandi ibiganiro biberekeza ku nkuru nziza y’agakiza kabonerwa muri Yesu-Kristu. Si ngombwa ko muba musangiye idini canke imyaka canke ubwoko canke igitsina, kuko abantu bose Yesu yarabapfiriye, kandi arabashaka bose. Kuko uweza (Yesu) n’abezwa (twebwe) bose bakomoka  kur’Umwe. Nico gituma bitamuter’isoni kutwita abavandimwe biwe(Abaheburayo 2: 11)  Kora nka Paulo, hanyuma Imana ni yabacengezamwo ivyo uriko uravuga, ntihazobura abakubaza, nkuko babajije Paulo bati: Woshobora kudusobanurira ivyo bintu bishasha wadukanye uriko urigisha?(Ivyakozwe n’Intumwa 17: 19). Ahasigaye Mpwemu azokuzako, igikorwa c’Imana azocikorera, wewe uzoba igikoresho c’imana gusa.  Ni wabona bavyitabira bafate neza, ubagire incuti zawe, ubagendere, mwige ijambo ry’Imana hamwe, mbere musenge. Erega, abagize ubwenge bazaka nk’inyenyeri mw’itazanure ry’ijuru, kandi abazoba barigishije benshi ivyo kugororoka, bazokayangana nk’inyenyeri, igihe cose (Daniyeli 12: 3). Burya, ubupasitori s’amashure, kandi s’ukugendana Bibiriya mu ntoke, kandi ubugabo s’urucumu! Reka ndakwibire akabanga: Imana iyo yagutoranije nka Yeremiya, irakubwira iti: Imbere yuko ndakuremera mu nda ya nyoko, nari ndakuzi, kandi imbere yuko uva munda yiwe, nari narakurobanuye, nari naramaze kukugira umuhanuzi w’amahanga (Yeremiya 1: 5). Yeremiya yaranezerejwe n’uwo muhamagaro aravuga ati: Nanje kugira ngo ndakwubahe, sinigeze nanka gukora umurimo wo kuba umwungere (Yemiya 17: 16).

Kandi Yeremiya yagize umwete mwinshi wo kugabura ijambo ry’Imana mu Banyisiraeli no mu banyamahanga, gushika naho avuga ati: Aravumwe umuntu akora bizumangiye mu gikorwa c’Uhoraho (Yeremiya 48: 10). Nuko rero va hasi, ni waba umaze kuba umwana w’umuhungu canke w’umukobwa amaze kumenya ubwenge, ukaba uri umusore canke inkumi, ur’umugabo canke ur’umugore, korer’Imana bigishoboka, intama zawe, n’izo nyene muri kumwe. Ariko wobura vyose, ukananirwa no kubasengera? Ihangane, imbaraga zose ziva muri Yesu, zimusabe!

 

Publié dans : |le 22 juin, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 11 RUHESHI/ KAMENA

 INDIRIMBO ITANGURA

Nshim’umusi

1. Nshim’ umunsi nakwemeye, Mwami Yesu Mukiza we!                                                                                                                     Nshima cyane n’ umutima, Ndabgiriz’ ibinnezeza

 Mpimbaze, mpimbaze; Yesu wankijij’ ibyaha.                                                                                                                                      Anyigisha kumuramya, Ngo nnezerw’ iminsi yose;                                                                                                                     Mpimbaze, mpimbaze Yesu wankijij’ ibyaha.

2.  Biramaze, napfiriwe, Nd’ uwa Yesu wandokoye; 
      Yangiz’ uwe, nkurikire, Nshima yuko ntowe na we

3.  Mutima wanjye ruhuka; Reba mw ijur’ ahejejwe,
      Ntugasig’ Umwami wawe, Bana na we mwumvikane.

ISENGESHO

Mwami Imana, ur’Imana yaremye ijuru n’isi, waremye umuntu mw’ishusho yawe kubw’urukundo rwawe. Naho icaha catumye mpindana kubera ibikorwa vyanje bibi, ndakwinginze ngo mur’aka kanya umpe guhinduka musha, unyogeshe amaraso y’Umwana wawe Yesu-Kristu yaviriye kumusaraba i Golgota. Ndabigusavye mw’izina ry’uwo Yesu Kristu nyene, Umwana wawe n’Umukiza wacu. Amen

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’IMANA

Mana, n’undememwo umutima wera, umpe umutima mushasha umeze neza (Zaburi 51: 12)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (1)

Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 2).

Aba bantu bavuzwe muri iyi mirongo bari muri Ikoniya, ni Paulo na Barunaba (Ivyakozwe n’intumwa 13: 50). Bari bamaze  amasabato abiri bavuga ubutumwa muri Antiyokiya h’i Pisidiya (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 14). Bagitangura, vyari vyababereye neza, ku musi w’isabato binjira mw’isinagagi baricara. Isomwa ry’amategeko n’abahanuzi riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo bati: Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu ni murivuge (Ivyakozwe n’intumwa 13: 14-15). Ico gihe Paulo yabonye bamugiriye icizere, yanka guta umwanya, aca aranzika abibutsa ivyo Imana yakoreye ubwoko bw’Abisirayeli vyose kuva kuri sogokuruza wabo Aburahamu asorongora ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe Vyera mu majambo avunaguye, abereka ukuntu babaye intagondwa mu migenzo yabo, inyigisho z’Imana bakazigira iz’idini. Yerekanye ko uguharirwa ivyaha vyabo kubonerwa muri Yesu gusa (ni musome Ivyakozwe n’intumwa 13: 16-39) Arangije kubibutsa ubuhanuzi, acabareka ico atumbereye, kugirango bisubireko bihane, ati: N’uko mwiyubare ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 40). Aha yavuga ivyago bishobora kubasukwako kubera ishavu ry’Imana ku banse kwihana.

Mur’urwo rusengero, ni yo sinagogi y’Abayahudi, Paulo n’abo bari kumwe bahagiriye umugisha, hihana abantu benshi.  Iyo Ijambo ry’Imana rivuzwe ku buryo burashe kandi bwumvikana, hatarimwo kuzarira no gutwenza abatwumva, bigira akamaro kenshi. Bariko barasohoka barabinginga ngw’ayo majambo az’avugwe kw’isabato izoza. Abari mw’isinagogi bamaze gusabagira, benshi mu Bayuda bo n’abatoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; nabo bayaga nabo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw’Imana (Ivyakozwe n’intumwa 13: 42-43). Aha ndashaka kuhasubiramwo, kubera bene Data b’abavugabutumwa muri iyi misi. Musabe Imana ubwenge bwo kuvuga bike vyumvikana, nivyo bigira ikimazi mu mitima y’abavyumva.

Ivyo Paulo yavuze kuri iyo sabato, bagiye barabihererekanya muri iyo ndwi yose, ku buryo kw’isabato ikurikira iyo, hakoranye nk’abo mu gisagara cose kwumva ijambo ry’Imana. Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora. Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga bati: Vyari bibereye ko Ijambo ry’Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukerekana ko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e, twigiriye mu banyamahanga. Kuko Umwami Imana ariko yatubariye ati Ndagushizeko, kugirango ube umuco w’amahanga, kugirango n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza. Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza Ijambo ry’Imana, abari baragenewe ubugingo budashira bose barizera. Ijambo ry’umwami Yesu rikwira muri ico gihugu cose. Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana n’abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadendererezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo. Nabo babakunkumurirako umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo. Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera. Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 44- 14: 2).

Ni waba wakurikiranye neza, muri iki cigisho, haravugwamwo Abayuda n’Abayuda. Nshatse kuvuga ko hariho Abayuda bizeye amajambo y’agakiza Paulo na Barunaba bavuga, ariko haravugwa n’abandi Bayuda batera akajagari, kubera ko babonye abantu bagiye kubacika bakaja mu nyigisho za Paulo na Barunaba. Ntibitangaje. Kuko Satani nawe akoresha abantu. Ico kiyoka kigirira wa mugore (ishengero) inzigo, kirigira ngo kigwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera amategeko y’Imana, kandi bagahagarara nk’abagabo nka Yesu (Ivyakozwe n’intumwa 12: 17). Mu gihe idini ryamaze gushinga imizi mu gihugu, hakaza abavugabutumwa bavuga batary’umunwa, ni ngombwa ngo iryo dini rikore uko rishoboye kwose ngo riteshe agaciro amajambo y’ukuri ava mu Vyanditswe Vyera bivugwa n’abo bakozi b’Imana. Mu bihugu vyinshi mbere, umuntu yigisha ibiteye kubiri n’ivyo idini ry’igihugu ryemera, bamucira urubanza rwo gupfa. Vyarabaye kenshi no mu gihe c’umwijima, mu gihe abantu nka Luteri, Jean Huss, Jérome, aba vaudois n’abandi barapfuye bazira ko batemera guha icubahiro amajambo y’abantu ngo bayarutishe amajambo y’Imana.  Ni waba ukorer’Imana vy’ukuri, udakorer’idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azogushikako ngo:  MW’ISI MUZOGIRA AMARUSHWA MENSHI, ARIKO MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZE ISI (Yohani 16: 33).

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA

Nkuko musanzwe mugira ibintu vyose neza, mu kwizera, mu gukomeza ijambo, mu kunguka ubumenyi, mukagira n’umwete muri vyose, no mu rukundo mudufitiye, ni mwongere mugire neza mu gushigira iki gikorwa c’ubugiraneza (2Abakorinto 8:7)

ITANGAZO:

Turamenyesha ko hari mwene Data azogera mu Rwanda vuba, akaba yipfuza gukoranya abantu bakunda kwiga ibi vyigisho. Bamwe baramaze kuvyumva kari baratumenyesheje ko bazomwakira. Ni mwaba mwipfuza kuja muri iryo teraniro, ni mubitumenyeshe, tuzobaha gahunda yose ku buryo burambuye.

INDIRIMBO IHERUKA

1.  Bayoboke nimurangurure, Mwamamaz’ ubutumwa mw isi yose.                                                                                  Nimugwiz’ ayo makuru mu bantu! Abashaka nibaze.

Uwemey’ aze! Uwemey’ aze! Nimubimenyesh’ abatuye hasi!                                                                                               Umubyey’ aratarur’ abana be, Abashaka nibaze.

2.  Ushaka kuza yitindiganya, Niyinjir’ irembo riruguruye.

       Umwami ni we nzira y’ ubugingo, Abashaka nibaze.


  3.  Ushaka wese n’agire bgangu! Kand’ agir’ ubugabo yihangane.

       Ushaka wes’ azahabg’ ubugingo, Abashaka nibaze.

 ISENGESHO RIHERUKA

Data, wakoze neza kubera iri jambo ryawe, mpa kuritahura no kurigendera, mw’izina ryra rya Yesu. Amen

Publié dans : |le 10 juin, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO KURI IYI SABATO YO KU WA 28 RUSAMA/GICURASI 2011

INDIRIMBO ITANGURA

Inanga - trough zither of Burundi

1.  Naguzw’ amaraso y’ intama, Nshunguzw’ imbabazi zayo                                                                                                              Ubu nd’ umwana wayo rwose, Nta ho ntazabyamamaza.

Nkiza, nkiza, n’amaraso yawe Yesu.                                                                                                                                                 Mboneza, mboneza!Nd’ umwana wawe rwos’ ubu.

2.  Mpimbaze Yesu wankijije, Nta wuz’ uko nnezerewe.
       Ni we mucyo mwiz’ unyobora, Ahorana nanjy’ iteka.

 

3.  Ntabgo mpug’ Umukiza wanjye, Njya mmutekerez’ iteka.
       Ntabgo ndambirwa kumurata, Njya nsingiz’ urukundo rwe.

4.  Nzi ko nzamubonan’ ubgiza, Nnezerwa n’amateka ye.
       Andinda nez’ aho njya hose, Mmutaramira ndirimba.

5.  Nizeye kw ambikiy’ ikamba, Mu rugo rwe rwo mw ijuru.
       Maze tuzahoran’ iteka, N’ abamuyobotse bose.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Data wa twese uri mu ijuru, Izina ryawe ryubahwe, Ubwami bwawe buze, Ibyo ushaka bibeho mu isi, Nk’uko biba mu ijuru; Uduhe none ibyokurya byacu by’uyu munsi; Uduharire imyenda yacu, Nk’uko natwe twahariye abarimo imyenda yacu; Ntuduhäne mu bitwoshya, Ahubwo udukize umubi; Kuko ubwami n’ubushobozi n’icyubahiro ari ibyawe, None n’iteka ryose. Amen. (Matayo 6:9-13)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATU

 Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi).

Umumarayika wundi wa kabiri akurikirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni cagisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino (inzoga) niyo burake bw’ubushakanyi bwaco (niyo burakari bw’uubusambanyi bwayo).

Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati Ni hagira umuntu asenga cagikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe, idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo (iteguwe y’umugahu mu kabindi k’ishavu ryayo). Kand’azobabazwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera (beranda) n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco. Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana (amategeko y’Imana) n’ukwizera nka Yesu.

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika  uti : Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo (imiruho yabo), kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 6-13) 

Igihe twatangura kwiga ibi vyigisho, muribuka ko twatanguriye ku vyerekeye amashengero indwi. Mur’ayo mashengero indwi, murazi ko Yesu yayahaye ubutumwa butangurwa n’aya majambo ngo: Wandikire umumarayika w’ishengero ry,i… Ivyigisho vyose vyatweretse ko umumarayika ar’ukuvuga intumwa. Kuko mu kigiriki iri jambo rivugwa ngo  »angelo » niryo ryavuye mwo,  »angelus » mu kilatini, canke  »ange » mu gifransa. Rihuje n’irindi bita  »messager » mu gifransa. Muri Bibliya y’igifransa yahinduwe na Louis Segond,  handitswe ngo: Il fait des vents ses messagers, des flames de feu ses serviteurs (Psaume 104:4). Mu kirundi handitswe ngo: Uhindura abamarayika bawe imiyaga, abasavyi bawe ubahindura umuriro waka. Mu kinyarwanda naho handitswe ngo: Agira abamarayika be imiyaga, Abagaragu be abagira imbeya z’umuriro (Zaburi 104: 4). Ubu butumwa turiko turiga rero, ntibuzovugwa n’abamarayika b’amababa, abamarayika bagomba kuburira ababa mw’isi ni jewe na wewe.  Mu gitabo c’Umuhanuzi Daniyeli handitswe ngo: Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; niho ahantu hera hazobona guhumanurwa. Kandi ivyerekanywe vy’ubwira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ukuri, ariko ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kuko ari ibizoba haheze igihe kirekire (Daniyeli 8: 14, 26). Kandi umumarayika yareretse umuhanuzi Daniyeli ibizoba muri yo myaka 2300, anamubwira ko bigomba gutangura  »uhereye igihe itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu rizoshingwa (Daniyeli 9: 25). Soma neza Daniyeli 9: 25-27, uzosanga ubuhanuzi bugera mu gihe c’iherezo. Iyo uharuye neza, usanga turi mu gihe co co gucirwa imanza zanditswe mu gitabo co mw’ijuru, imbere y’izina ry’umuntu wese muri twebwe. Reka tuvyige neza: Itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu ryatanzwe mu mwaka wa 457 imbere ya Kristu. Kuva uwo mwaka, usanga imyaka 2300 irangira mu mwaka w’1844. Kandi abazi ivyerekeye amateka y’isi, ivyo abarundi bita  »Kahise », berekana ko uwaka w’1844 wabayemwo umuvyuro ukomeye mu vy’Imana, ku buryo amashengero menshi yari yiteguye ukugaruka kwa Yesu muri uyo mwaka. Ni murabe muri ibi bicapo nababoneye ukuntu ibintu vyagiye bikurikirana gushika muri 1844, murabe n’igihe tugezemwo nk’uko kivugwa n’intumwa Petero ngo:  Kuko igihe gishitse c’uko urubanza rutangirira mu b’inzu y’Imana: none ko rutangiriye kuri twebwe, iherezo ry’ abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite? (1Petero 4: 17).  Raba iki gicapo kugirango mubitahure neza. Naho kiri mu congereza, kirasobanutse neza.  Iki gicapo gitanga amatariki makuru makuru. Hagati ya 457 imbere yo  kuvuka kwa Yesu no mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Yesu nyene, habaye ibi bikurikira:  

a- 457 imbere y’ivuka rya Yesu: Ku ngoma y’Abami b’Abamedi n’Abaperesi, niho umwami Arutazeruzi yategeka kwuba no kuvyura Yerusaremu. Imirimo yari iyobowe n’umuherezi Ezira (Soma Ezira 7, igice cose, na Daniyeli 9: 25-27).

b- Mu mwakawa 331 imbere y’ivuka rya Yesu: Hari ku ngoma y’Abami b’abagreki, ni muri ivyo bihe ubwo bwami bwigaburamwo ibice bine, buruhira gutemba. Ico gihe bwategekwa na Alexandre le Grand. Bwasubiriwe n’ubw’Abaroma bwakombowe muri 476 nyuma ya Yesu.

c-Mu mwaka wa 4 imbere ya Yesu (niko bawita), Yesu yaravutse.

d-Mu mwaka wa 34 inyuma yo kuvuka kwa Yesu, niho umudiyakoni Stefano yagandagurwa n’abayahudi. Muri ico gikorwa kibi, berekanye ko bahakanye icese agakiza kava muri Kristu, ariko imiryango yaciye ipfungurwa ku banyamahanga, ubutumwa bujanwa mw’isi yose (Ivyakozwe n’intumwa 8: 3)

e- Mu waka wa 538, niho ububasha bw’Ubupapa bwari bumaze kwiha akanyarigabo, bugarariza n’ivyanditswe, burogotwa no ku Mana. Dusoma muri Bibiliya aya majambo ngo: agahembe gatoya karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’iburasirazuba no mu gihugu c’ubwiza. Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw’ijuru, mbere ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga. N,uko ryigira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’ingabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uko bwije, inyubako z’ahera hiwe zirasangangurwa. Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’igicumuro. Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye riratunganirwa (Daniyeli 8: 9-12). Iyi mirongo irasobanutse neza, nkako irangije ivuga ngo: Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa. Mwirinde ivyo kuguma mw’ishengero kuko ribemerera gukora ibibaryohera, kugirango mutunganirwe. Ako n’agace mbaciriye.

f- Mu mwaka wa 1798 inyuma y’ivuka rya Yesu, niho intwazangabo y’Ubufransa Berthiaume yacirakw’iteka Papa Piyo wa VI, nirwo ruguma ruvugwa cane mu vyahishuwe rwoshoboye kwica ca gikoko, ariko ngo rwarakize (Ivyahishuwe 13: 3, 12, 17: 8).

g-Mu mwaka w’ 1844, niho ya misi 2300 yarangira. Nk’uko twavyize kuva kera, umusi wo mu buhanuzi ungana n’umwaka, kuko handitswe ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Dukurikije ubwo buhanuzi, dusanga ko kuva mu mwaka w’1844, ari ho imyaka 2300 yarangiye, ahantu hera (mu buturo bwera) habona guhumanuka. William Miller(yavutse kw’itariki 15 Ruhuhuma/gashyantare 1782, apfa kuri 20 Kigarama/Ukuboza 1849. Yigishije cane ubutumwa bwiza bwo kugaruka kwa Yesu muri iyo myaka y’umuvyuro.

Umupfasoni (umutegarugori) nawe yitwa Ellen Gould White  (Raba ifoto hariya hejuru, ku ntangiriro y’icigisho, n’urya mutegarugori arimo kwandika) yarakoreshejwe  n’Imana cane muri ivyo bihe. Ubutumwa bwavuzwe nawe hamwe N’abandi bakozi b’Imana muri ivyo bihe n’ubu bugenda bukwirakwizwa kw’isi yose.  Uyu Ellen Gould White yavutse kw’itariki 26 Munyonyo/Ugushingo apfa kw’itariki 16 Mukakaro/Nyakanga 1915, amaze imyaka 87. 

Murashobora kumbaza muti, none ko imyaka yageze kw’iherezo ryayo, ahera hagahumanurwa, kuki Yesu ataragaruka kujana ishengero? Raba ibisubizo: Iyo umuherezi mukuru yaba yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro, kugirango atange impongano z’ivyaha vy’ubwoko bw’Imana, ntiyaca asohoka ubwo nyene, hariho imihango yagomba gukora. Ishengero ryose ryagomba gutegereza hanze kugera igihe azosohokera. Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw’ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahera kubatangira impongano, gushitsa aho azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubwiwe bo n’urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli (Abalewi 16: 17). Kuko Kristu atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke h’ikigereranyo cah’ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho,

kugirango non’aduserukir’imbere y’inyonga z’Imana. Kandi nkuko abantu babikiwe gupfa rimwe hanyuma yaho hakaza amateka (gucirwa imanza), na Kristu n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishire kw’ivyaha vya benshi, azob0neka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze. … Amaze gutanga ikimazi kimwe c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, aherako arorera igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi  y’ibirenge vyiwe (Abaheburayo 9: 24, 27-28 na 10: 12-13). Ico gihe Kristu arorereye n’igihe gikomeye cane, kizorangiza intsinzi yiwe neza neza. Si we gusa n’abamarayika barakirorereye kandi n’ivyaremwe vyose birakirorereye, n’abavugishwa n’Imana aribo bahanuzi bapfuye bipfuza kubona ico gihe (bafitiye amatsiko ico gihe). Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana, aribo bavuz’ubuntu mwagira muze muhabwe, barabirondera, bakabisesa, bases’igihe icarico n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yatagura ivy’imibabaro ya Kristo bitari bwabe, n’ivyiza vy’uburyo bwinshi bwagira buze buyiherukire. Kandi bahishurirwa yuko ataribo bavyikorera, ariko ko ari mwebwe babikorera, ni vyo none mumaze kubarirwa n’abababwiye ubutumwa bwiza bavugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw’ijuru: kandi ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (babifitiye amatsiko) (1Petero 1: 10-12). Niyumvira yuko imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubwiza tuzohishurirwa. Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurirwa kw’abana b’Imana

 biguhahamiye cane.                                                

Kuko ivyaremye vyategetswe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, vyategetswe n’Imana yashatse ko bimera gurtyo, kugirango vyizigire yuko navyo bizocungurwa, ngo ntibibe mu buja bwo kubora, ariko bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bw’abana b’Imana (Abaroma 8: 18-21).

Ba bantu bakunda kugenda baririmba mu nzira ngo barakijijwe, ndashaka kubibutsa ko abazitwa abakijijwe vy’ukuri ari abazokwemerwa muri uko gucungurwa guheruka, canke abashingirwa  intahe(abahamywa na Mwuka) na Mpwemu ngo: Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Sindabigishije ko abashingirwa intahe( abemerwa) n’abantu aribo bakijijwe. Oya, n’abashingirwa intahe n’abemerwa) na Mpwemu. Bitabaye ivyo, ba bandi bandika abantu mu gitabo c’abatagatifu boba bari mu kuri rero. Ariko noneho siko biri, kuko ijambo ry’Imana ryerekanye ko atari ukuri, hahirwa abashingirwa intahe na Mpwemu, amen.  

Yesu ntiyigeze yigisha ko ivyo gucungurwa kwacu vyarangiriye ku musaraba. Yego yaravuze ngo: Birarangiye (Yohani 19: 30), kuko yariko arerekana ko Satani atsinzwe, ko abazokwemera kwihangana kugera ku rupfu nka Kristu, bazotsindira ubwami bw’ijuru. Ariko hari hasigaye ko abera bakomeza kwihangana muri Kristu.  Aya majambo nay’ukuri ngo: Ariko ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike (Luka21: 28). Aya majambo Yesu yayavuze yerekeza ku bimenyetso vy’ibihe vy’imperuka, arivyo tugezemwo. Dutegereje gucungurwa. Uwutavyemera ubwo nawe afise uwundi Kristu yizera, mugabo uwacu, ariwe intumwa n’abahanuzi bizera, uko niko yabivuze.

Nifatanije n’izo ntumwa n’abahanuzi, n’abavugabutumwa bose b’intahemuka kandi b’imvugakuri, nti:  Ni mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe co guc’imanza cayo gishitse. Ni musenge iyo Mana yaremy’ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko. Ijambo ry’Imana ritubwira ko dusabwa kwama tuvyibuka ku musi w’indwi samedi, ndetse tukabigira nk’umusi mukuru mw’izina ry’Umuremyi wacu. Handitswe ngo: Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo imirimo yawe yose, ariko umusi ugira indwi, niwo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa  nakimwe ukora kuri uyo musi, wewe ubwawe, cank’umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka yawe, canke uw’iyambukira aba i wawe. Kuko imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeye mw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,nkaruhuka ku musi ugira indwi: nico catumye jewe Uhoraho mpezagira (mp’umugisha) uyo musi ugira indwi, nkaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iri tegeko  ryitwa ikimenyetso c’Imana muri Bibiliya (Ezekiyeli 20: 20). Kandi biraboneka ko arico. Ni nka kurya iyo umutegetsi yanditse urwandiko rutegeka ivyo yipfuza, iyo agiye kururangiza, arudomako ikimenyetso (ikashe, ikidodo). Muri kashe haba harimwo izina ry’igihugu, n’Ubushikiranganji uwo mutegetsi akoreramwo. hagati muri kashe, ahashiramwo izina ryiwe n’umukono wiwe -signature. (akarorero: REPUBLIKA Y’UBURUNDI, Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, izina n’umukono). Itegereze neza mu mategeko cumi, usanga iryo ariryo rimwe ryujuje ibi mvuze, kandi niryo rishobora no gusenya Babuloni mw’izina rya Yesu. Gute? Muri iyo mirongo, harerekana aho ubutegetsi bw’Imana butegeka hose: Ijuru, n’isi, ikiyaga n’ibirimwo. Umurimo w’Imana: Iryo tegeko ryerekana ko Imana ari Umuremyi. Izina n’umukono w’Imana: Muri iryo tegeko, uzosanga izina ry’Uhoraho risubiwemwo gatatu: ngo jewe Uhoraho Imana yawe, jewe Uhoraho naremye ijuru n’isi, jewe Uhoraho Mpezagira umusi w’isabato. Umukono: Imana yawe. Gerageza gushakisha, nta wundi musi Imana yakoreye ibi bintu bitatu arivyo: Kuruhuka, Guhezagira, no Kweza. Soma neza kandi iryo tegeko urabe.

Ubu  butumwa bwiza buzovugwa buvanze n’amahoro n’umunezero bibonerwa muri Kristo Yesu, kandi buzosenya Babuloni n’abayihishamwo bose bagafatanya nayo. Kuko ubugabo bwa Babuloni, bushingiye kw’isabato yindi bwizaniye itari mu Vyanditswe Vyera. Ni wa musi wa mbere w’imisi indwi: dimanche, na vya bindi vyo kuvuga ngo ku cumweru ni yo sabato y’abakristu, ngo ni wo musi w’indwi wo mw’isezerano rishasha. Abandi bati twarakijijwe umusi ntaco utubwira, ngo Yesu ni we ngombwa. Abandi bati: Nivyo koko ndabona ko isabato ari iy’ukuri, ariko nzoyihimbaza ukwanje, sinshaka kuja mw’ishengero kuko bahava banyita umusabato canke umudivantiste. Uretse ko nkumbure woba wagiriwe ubuntu budasanzwe, ubundi nta muntu ahimbaza isabato wenyene ngo abishobore. Uhoraho aravuga ati: Ku musi ugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Paulo yavuze ati: Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukekako hobayo ahahora hasengerwa. Turicara, tuyaga n’abagore bahakoraniye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13). Ushobora kuba udakunda abadivantiste canke abayahudi n’abarokore, izo n’ingorane zawe. Ariko ntiwoca urenganya Imana ngo n’uko ijambo ryayo ryemewe n’abadivantiste hamwe n’abayahudi n’abandi. Ah’ubwo mbona ko war’ukwiye kunezerwa n’uko wahora wanka umuco, ukaba noneho uwubonye, ukava mu mwijima, Alleruya!!!

Ariko rero bakobwa b’i Babuloni, ngo igipfa kiburiwe n’impongo: Ibi tuvuga ntivyanditswe n’abasabato canke abadivantiste, ntivyanditswe n’Abayuda canke abarokore. Uwo Yesu muvuga ko yababohoye kw’isabato, niwe abahakanira ati: N’uko uwuzorenga ibwirizwa narimwe ryoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo  5: 19). Wohava umbwira uti: none mbaye muto hanyuma y’abandi, ariko nkaba ndi mubwami bw’Imana, ikibazo se coba kiri hehe? Igisubizo: Kwitwa muto mu bwami bw’Imana, niko kuba mu kibanza ca nyuma. Kandi Yesu aravuga ati: Kandi hari ab’inyuma bazoba ab’imbere, nab’imbere bazoba ab’inyuma (Luka 13: 30). Kuri abo bazoba ab’inyuma ngo  »aho niho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo (Luka 13: 28). Bite se kandi kandi yavuze ko hazoba ari mu bwami bw’Imana? Yego nyene. Erega n’uwo muriro bazojamwo nawo wacanywe n’Imana, ntiwibaze ngo n’umuriro  wadometswe canke waremwe na Satani. Muri Bibliya y’ikinyarwanda dusoma ngo: Uwiteka yahagize hagari (hanini), ikome ryaho(icokezo caho) n’umuriro w’inkwi nyinshi, umwuka w’Uwiteka umeze nk’umugezi w’amazuku ariwo urikongeza (uridomeda) (Yesaya 30: 33) Kuko Satani nta kintu na kimwe yaremye, akazi kiwe n’ukonona ivyaremwe gusa. N’uwo muriro urumvako wacanywe n’Imana.  Handitswe kandi ngo: Maze azobwira n’abari i bumoso, ati Mva i ruhande mwa bivume mwe, muje mu muriri utazima, wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe(Matayo 25: 41). S’Umurwanizi yawuteguye, ahubwo yarawuteguriwe. Umurwanizi n’ukuvuga  »Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Imana » umu opposant. Aho hazotsindagirwayo abadafise ca kimenyetso c’Imana, kuko bazoba bahisemwo ikimenyetso c’inyamaswa.

Abasenyeri  bakomeye muri Ekleziya Gatorika baravuze aya majambo ngo: Ekleziya Gatorika, ibitewe n’amabanga yashinzwe n’Imana, yarakuye icubahiro ku musi w’indwi (samedi) igishira ku musi wa mbere, vyabaye imbere y’imyaka irenga 1000, imbere y’uko haboneka umuprotestanti n’umwe (Catholic Mirror, septembre 1893). Egome, Ekleziya Gatorika iremeza ko ariyo yahinduye ivyo. Ni naco kimenyetso c’ubutegetsi n’ubugabo bwayo mu vyerekeye iyoboka Mana (C. F. Thomas, chancellier du Cardinal Gibbons).

Iyi ni ifoto ya Cardinal Gibbons

Umve rero twumvikane: Ni hagira umuntu asenga ca gikoko, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, niyo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu gakarabo k’uburake bwayo. Kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze cagikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco (Ivyahishuwe 14: 9-12).

Gushirwa kw’ikimenyetso caco mu kiganza canke ku ruhanga, bivuga ngo gupfa gukora ivyo wigombeye n’amaboko yawe ku musi wayo wera, ariwo w’indwi, samedi (Yesaya 58: 13, Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Mu ruhanga, n’ukuvuga ko ushobora kuba wiyemeza n’ubwenge bwawe bwose kugarariza, kugomera iryo tegeko ry’Imana, wishimikije idini, ubukene, canke gutinya gupfa n’ibindi…

Abantu batari mw’ishengero Gatorika ry’i Roma, iyo bifatanije naryo mu kweza dimanche bishimikije inyigisho z’amangetengete yazanywe n’abayobozi b’ayo madini, baba baremye igishushanyo c’inyamaswa. Nico gituma ubu butumwa butunga urutoke abasenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, mu misi y’iherezo. N’ukuvuga abakunda inyigisho z’Ekleziya Gatorika canke z’Abaprotestanti b’iki gihe, bakazirutisha iziri mw’Ijambo ry’Imana.  Nico  gituma ubu butumwa bwiza buvuga buti: Nta mukobwa, nta nyina, bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44). Wibuke ko mu cigisho giheruka twize ko Bibiliya yerekana ko bariya bera ibihumbi ijana na mirongwine na bine batandujwe n’abagore(Ivyahishuwe 14: 4). Twarasobanuye ko abagore basobanura amashengero nkuko Bibiliya ibivuga (1Abakorinto 11: 2, Abagalatiya 4: 24-31).

Amadini ya gipagani yose azoruhira kuvangwa n’ayabakristu yaguye. Kandi nico amanama ya Oeucuménisme ashaka kugerako.

Hariho abantu baharaye kuvuga ngo: Dukundane gusa, ivyo birakwiye kuko Imana n’imwe. Abandi bati: Kwigisha ijambo ry’Imana n’ukuzana ibice bitandukanya abavukana. Iyo s’imvugo yo muri Mpwemu, n’iy’abadayimoni. Kuko Ijambo ry’Imana rivuga ko hari abasenga Imana n’abasenga ibigirwamana (Zaburi 115: 2-9). Nta nyigisho yerekeye kugiriranira ubumwe n’abatubaha Imana iboneka muri Bibliya, ah’ubwo handitswe ko tugomba kubatwara neza (kubagusha neza ) tukabereka Kristu yababambiwe ku musaraba. Handitswe ngo:

Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo no kuvyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye(1Petero 2:12). Ni muve hagati ya ba bandi, mu bitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe, nanje nzobakira, kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize (2Abakorinto 6: 17-18)

Ndavyigisha, ariko nziko bitoroshe kubigumya (kubikomeza). Ariko uko vyoba kwose, ntutinye ivyo ugiye kubabazwa. Eh’uwo Murwanizi azoshira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa gupfa, nanje nzoguka urugori rw’ubugingo (Ivyahishuwe 2: 10). Raba inkuru yerekeye ukuntu uwu mukristu bariko baramwica urw’agashinyaguro kubera izina rya Yesu. Vyabaye vuba cane muri Turquie. Fyonda kuri: tp://www.paperblog.fr/1661933/la-turquie-persecute-ses-chretiens/ La Turquie persécute ses chrétiens 

Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara gutsinda, azokwambikwa urugori rw’ubuzima, rumwe Imana yasezeranira abayikunda (Yakobo 1: 12). Kandi rero: Aha niho ukwihangana kw’abera kubonekera. Bitondera amategeko y’Imana, bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Uyu murongo, reka ndawushire mu kirundi gisanzwe: Aha niho ubugabo bw’intore z’Imana bubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bagahagarara nk’abagabo nka Yesu. Ni vyaba ibi uvyumvise neza, kandi ukaba wiyemeje kubikurikiza, naho wopfa uyu musi nta rubanza rwoba rukuriko. Nuko rero noneho abari muri Kristu Yesu nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1) Kandi burya ngo: Urupfu rw’abakunzi b’Imana, rugira agaciro karekere mu maso yayo (Zaburi 116: 15)

N’uko rero umenyeko, Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: egome, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13).

Mbese ibintu uriko urakora muri iyi misi bigukurikiranye, ubona vyoguhesha agaciro imbere y’intebe y’Imana? Canke vyogukoza isoni?

Imana ikugirire neza mwene Data, iguhe kurwana utsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

UGUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA:

Mur’aya majambo ngo: Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi) (Ivyahishuwe 14: 6-7); turabona ko ubu butumwa bwiza bugomba kuvugwa bwihutishwa kugirango bushike ku baremwe bose, mu mahanga yose, mu ndimi zose no moko yose. Iki n’igikorwa gisaba kwitanga. Kandi twabonye ko uwo mumarayika avugwa ari jewe na wewe. Ariko twese ntitwahamagariwe, kwigisha, canke gukwira ibihugu, hariho abategerezwa kugenda, n’abandi bahamagariwe kubashigikira. Nico gituma hakenewe ikigiracumi n’amaturo (amashikanwa). Uwudashoboye kuja ku rugamba, agashigikira uwuri ku rugamba, bose bazosangira ibihembo. Kuko ijambo ry’Imana riravuga ngo: Uwatabaye ku rugamba n’uwacunze imizigo bose bazogabura banganye(1Samweli 30: 24) .

Ni mutange ibigiracumi n’amaturo yanyu rero mutidodomba, kuko abapasitori n’abavugabutumwa, bazoronka ibihembo bingana n’ivy’ababashigikije ibigiracumi n’amaturo, kugirango igikorwa c’Imana ntigihagarare. Ariko mubigire n’umutima mwiza, kuko Imana ikunda uwutanga afise umunezero mu mutima (2Abakorinto 9: 7).

INDIRIMBO IHERUKA:

1.  Bayoboke nimurangurure, Mwamamaz’ ubutumwa mw isi yose.                                                                                                   Nimugwiz’ ayo makuru mu bantu! Abashaka nibaze.

Uwemey’ aze! Uwemey’ aze! Nimubimenyesh’ abatuye hasi!                                                                                                       Umubyey’ aratarur’ abana be, Abashaka nibaze.

2.  Ushaka kuza yitindiganya, Niyinjir’ irembo riruguruye.                                                                                                              Umwami ni we nzira y’ ubugingo, Abashaka nibaze.

3.  Ushaka wese n’agire bgangu! Kand’ agir’ ubugabo yihangane.                                                                                                           Ushaka wes’ azahabg’ ubugingo, Abashaka nibaze.

ISENGESHO RIHERUKA

Mwami Yesu, turashaka gukor’iki gikorwa cawe co gukwiza ubutumwa bwiza kw’isi yose. Duhe imbaraga, kandi wemere kugendana natwe, kuko wavuze ko tutarikumwe na wewe ko atakintu twokwishoboza­. Dukuremwo umutima wo kwikunda no gukunda ubutunzi bwacu. Twigishe gutanga tutiziganya kugira ngo iki gikorwa kirangire vuba. Ibi tubigusavye tuzi ko uzobidukorera, wewe Mwami, waducunguje amaraso yawe y’agaciro ntangere. Amen.

                                                                                                                                        

  .

 

Publié dans : |le 27 mai, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 21 RUSAMA 2011

INDIRIMBO ITANGURA

Ndeger’umusaraba,                                                                                                                                                   naniwe nkenye mpumye,                                                                                                                              Singir’ico nitaho,                                                                                                                                              Rwose nshaka gukizwa

 

Mwami ndakwizigira,Mukiza wanjye mwiza!                                                                                 Ndicuz’ imbere yawe,Mwami Yes’ unkiz’ ubu!

Nakwifujije kera, Njya mbabazwa n’ibyaha                                                                                                  Yes’ ambgira nez’ ati: Ngukiz’ ibicumuro

Ubu ndakwihereje, Simbuzwa n’iby’ iyi si.                                                                                                Mb’ uwawe rwose Mwami, Nguhay’ ibyanjye byose.

Ndiringir’ iby’ uvuga, Wamviriy’ amaraso.                                                                                                     Ubu ndicuza cyane, Mbambanywe n’ Umukiza

Nnezezwa nuko nkize, Yesu ni w’ unkomeza.                                                                                             Nta nenge nsigaranye, Mp’ intam’ icyubahiro.

 ISENGESHO:  

Mana Data nyen’ikigongwe, kubera maraso y’Umwana wawe Yesu-Kristu yaviriye i Golgota, ndasenga kandi ndagutazira imbere y’abamarayika, ur’Imana iheta ibigirwamana vyose. Numva nshaka gukurikira inzira umwana wawe Yesu-Kristu yatweretse, ndungikira Mpwemu wawe amfashe, andinde icaha n’igisa naco, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Erega Umwami Uhoraho ntazogira ic’akora atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha (Amosi 3: 7)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

Ariko mwirinde (1)

Ariko mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego, kuko  ariko uzoshika ku bantu bose bashagaje mw’isi yose. Mwame mugavye musenge mu bihe vyose kugira ngo muze mubashe guhunga vyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’Umuntu. (Luka 21: 34-36.

Aya majambo tuzoyiga neza muri iyi misi kandi twizeye ko azobera umugisha ku bantu bose baza gushaka ijambo ry’Imana mu rusengero rwa Paroisse Twihane.

Reka rero uwu musi turabire hamwe iri jambo ngo » kudandahirwa. Ariko mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa.  Mu vy’ukuri kugira ngo iri jambo ryumvikane neza, twari dukwiye kwihweza neza iri jambo ngo: imitima yanyu ntiremerwe. Erega iyo umuntu yaremerewe n’umuzigo, biramugora kwihuta, kuko ntashobora gutambuka ngo ashingure kandi afise umuzigo umucinyiza. Birumvikana ko ukudandahirwa kuzotuma abenshi basigara mu nzira mu gihe abirinda bariko baragenda bihuta, baramiriza kuko bazoba babonye neza ko ibihe bikwiye, baka menya ko umwami ariko araza kubajana. Kudandahirwa n’ukuvuga kurya ugahimba, ka gahimbo kibagiza kwugara. Iyo umuntu yariye akaremerwa n’inda, ivyo bamubwira vyose ntivyinjira neza, ndetse ahita atangura guhunyiza kubera guhaga. Yemwe yemwe abarindiriye ko umwami agaruka kutujana, mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa! Iyi nyigisho isaba umwimenyerezo w’ukuri atari bimwe vyo gukina. Muri ya misi mikuru yo kurya no kunywa, abasuku b’umwami wacu bakwiye kugira umwimenyerezo wo kuyisiba mwo. Birya vyokurya bitera umutima muke abantu dukwiye gutangura kuvyirinda. Kuko mur’iki gihe tugezemwo, n’igihe co kwiririra, no kwisonzesha no gutakamba kubera ivyaha vyacu biturega. Imyambaro yacu ntiyera bene Data! Kur’uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ingabo yari yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha nkomvorera no gukenyera amagunira, yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubaga inka no kubaga intama, kurya inyama no kunywa vino, bati ingo twirire twinywere kuko ejo tuzopfa Maze Uhoraho yihishurira mu matwi yanje, arambwira ati: N’ukuri ivyo bicumuro vyanyu ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, niko Umwami Uhoraho agize(Yesaya 22: 12-14). Aya majambo ntavuga ko kurya inyama ar’icaha kitababarirwa, mugabo mu misi y’iherezo hazoboneka imisi mikuru mu bantu yo kurya no kunywa, kuburyo abantu bazoyirukiramwo ari benshi, kubera inyama n’inzoga n’ibindi bintu binuze, bizobibagiza gusenga no kwihana. Gurtyo icaha cabo ntibazopfa bacogejwe. Abariko baragenda mw’ijuru rero bazoramiriza bagende, bakomeze amateraniro yabo , babandanye bihe vyabo vyo kwisonzesha no kuganira n’Imana » Imisi mikuru naho izoba ikorerwe mu ngo zabo, bazoyita bigendere kuko ico bazoba bashaka kiryoshe kuruta inyama n’inzoga. Kuko na benewanyu n’inzu yaso aribo nyene bakuryarutse, ni bo nyene bakuvuz’indur inyuma, nawe ntuz’ubemerere naho bokubwira amajambo meza (Yeremiya 12: 6) Ng’uko uko bizokugendera rero, ni wabona batanguye kukwiruk’inyuma bati ntugenda utajanye natwe mu bukwe, woba utumaramaje kand’ari wewe mwana twari twishimiye, yewe ntuze ubemerere naho bokwivugisha gute. Komez’inzira wirabire iy’uja! Yesu azoba akurindiriye nabo batabizi, kuko bazoba abaremerewe n’vyo kurya no kunywa gusa! Kandi nkuko vyari bimeze mu misi ya Npwa, niko bizoba mu misi y’ ukuza kw’Umwana w’Umuntu.  Kuko ariko bari bameze mu misi umwuzure utari bwatere: bararya baranywa, bararongora barashingirwa, bageza kuri wa musi Nowa  yinjiriye mu bwato;ntibagira ico bamenya gushika aho umwuzure waziye ubatwara bose. Niko n’ukuza k’Umwana w’umuntu (Yesu) kuzomera (Matayo 24: 37-39)

Imana ibagirire neza bahe kurinda imitima yanyu vy’ukuri muri Kristu Umucunguzi wacu. Amen.

UGUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA:

Imana ikunda uwutanga afise umunezero mu mutima (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

1. 

Ngwino soko y’ umugisha,                                                                                                                           Mp’ umutim’ ugushima.                                                                                                                        Migez’ idakama myiza,                                                                                                                        Unyigishe kukuramy’ iteka,                                                                                                                    Kandi mmeny’ ubgiza      bgawe.                                                                                                          Kwiringir’ ubgami bgawe,                                                                                                                               Kunyuzuz’ urukundo.

Nshyir’ ahw icyibutso cyanjye,                                                                                                                     Ni ho ngeze kubgawe.                                                                                                                           Ndizeye yuk’ uzanjyana,                                                                                                                                    Nger’ iwaw’ amahoro.                                                                                                                                    Yesu yantaruye nazimiye,                                                                                                                              Nari ndi kure y’ Imana;                                                                                                                                Ashaka kunkiz’ urupfu,                                                                                                                                 Yatanz’ ubugingo bge.

3. 

imagenes del amor de dios. amor de diosNdi mw ubgishyu bgawe Mwami,                                                                                                              Bg’ imbabaz’ ungiriye.                                                                                                                                 Nyigiza bugufi bgawe,                                                                                                                                    Mmeny’ urukundo rwawe.                                                                                                                          Ngoswe n’ibingerageza byinshi,                                                                                                                     Ngo ndek’ iyo Mana nkunda.                                                                                                                          Akir’ umutima wanjye                                                                                                                            Undinde nkire rwose.

Uhoraho abane namwe (Ruti 2: 4)


 

Publié dans : |le 19 mai, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 7 RUSAMA/ Gicurasi

INDIRIMBO ITANGURA

 1. Har’irembo ryguruwe Ryatumye mpishurirwa

Umusaraba wa kure Yesu yatangiweho

2. Irembo ryugururiwe Abashak’agakize

ngw’abakire n’abakenye bose barinyuremwo

3. Ncuti komez’utwaran’irembo ricuguruye

Ikorer’umusaraba nibw’uzahabw’ikamba

Icitabirizo:

Mbeg’ineza n’amahoro Vyatumye nugururirwa

Nugururiwe, iman’ihimbazwe!

 ISENGESHO:  

Mana Data nyen’ikigongwe, kubera maraso y’Umwana wawe Yesu-Kristu yaviriye i Golgota, ndasenga kandi ndagutazira imbere y’abamarayika, ur’Imana iheta ibigirwamana vyose. Numva nshaka gukurikira inzira umwana wawe Yesu-Kristu yatweretse, ndungikira Mpwemu wawe amfashe, andinde icaha n’igisa naco, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Ko mwazutse hamwe na Kristu, rondera ivyiza vyiza vy’ijuru, aho Kristu avyagiye i buryo bwa Data(Abakolosayi 3: 1)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

NDAGOWE INSHOKA Y’ABANDI KANDI YAR’INTIRANO!

Abana b’abahanuzi babwira Elisa bati:  »Urabona aho tuba ho hasigaye habaye hato. Turagusavye ngo udukundire tugende gutema ibiti kuri Yorodani, umuntu wese azane igiti, twiyubakire aho tuba ». Arabemerera ati:  »Ni mugende »

Umwe muri bo aravuga ati: Ndakwingize emera kujana natwe abasavyi bawe. Aramusubiza ati:  »Ego ndaje ». N’uko barajana. Bageze kuri Yorodani batema ibiti. Umwe muri bo agitema igiti inshoka iraroka (irakuka) igwa mu ruzi, arakom’induru (arataka) ati:  »Ndagowe, inshoka y’abandi kandi yari intirano! ». Uwo muntu w’Imana aramubaza ati:  Iguye he? Arahamwereka. Noneho ahita atema igiti, agiterera mu ruzi inshoka irareremba. Aramubwira ati: Ngiyo yitore! Atuma ukuboko arayitora (2Abami 6:5)

Aya majambo akwiye kutwigisha vyinshi bijanye n’agakiza kabonerwa muri Kristo Yesu. Abo bana b’abahanuzi, basavye Elisa kujana na bo, ariko ntibari bazi ko umugambi wabo uvuye kuri Mpwemu Yera /Mutima Mweranda).  Uriya musore yagize ngo arabangura inshoka, inshoka iramijuka, igwa mu ruzi.

Ni mwitegereze neza ukuntu umuhanuzi Elisa atora umuti w’ico kibazo. Mu gihe wa muhungu ariko ararira ngo: Ni muntabare, inshoka y’abandi iragiye!, Elisa yavuze ati: Iyo nshoka yaguye he? Aho yakorokeye niho Elisa yatereye ikindi giti, ya nshoka irareremba.

Ingo tujane muri Edeni turabe ivyahabaye, duce mu bugaragwa (tunyure mu butayu) aho Yesu yageragerejwe na Satani, noneho duhave tugende i Kalvari ariyo Golgota, turabe ukuntu iyi nkuru ya Elisa n’abana b’abahanuzi ari iy’agaciro kanini.

Muri Edeni, abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Heva, babaye inkomoko y’amakuba yose biturutse ku nda, no ku bwibone, kuko bemeye kwumvira Satani. Uwo mugore abonye y’uko ico giti gifite ivyokurya byiza, kandi ko ar’icy’igikundiro, kandi ko ari icyo kwifuriza umuntu kumenya ubwenge, asoroma ku mbuto zaco, arazirya, ahaho n’umugabowe wari kumwe na we arazirya (Bibiliya Yera mu kinyarwanda, Itangiriro 3: 6). Intumwa Paulo avuga ko Yesu ariwe yabaye Adamu wa kabiri, ariko avuga ko hariho ubudasa hagati y’abo bagabo bompi: Umuntu wambere ariwe Adamu yabaye ubugingo buzima, ariko Adamu wa nyuma yabaye umwuka utanga ubugingo (1Abakorinto 15: 45)

Mu gihe uwu Adamu wa kabiri_ni we Yesu_ yageragezwa muri ya misi mirongw’ine, mwibuke ko nawe nyine Satani yatangiye kumugerageresha akaja munda (ibiryo) iti: Niba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate (Matayo 4:3) Ico gihe Yesu yarafise inzara koko, ariko arihangana. Aravuga ati: Handitswe ngo: Umuntu ntatungwa n’imikate gusa, ariko atungwa n’ijambo riva mumkanwa k’Imana (Matayo 4:4). Aha niho hananiye Adamu wa mbere. Igiti cari kuba ikitwerekeza ku  munezero, kiba ikituyobora mu rupfu. Yesu yavuze ngo: Handitswe ngo. Adamu na Heva bari bakwiye kubwira Satani bati: Uhoraho yatubwiye ngo…

Aho Adamu wa mbere yatsindiwe, niho Adamu wa kabiri yatsindiye, Alleruya!!! Igiti cari cavuyemwo ibuto z’ urupfu, nico cavuyemwo imbuto z’ubugingo ku bizera Kristo yabambwe ku giti. Aravuga ati: Uwushaka kungendanira, niyihebe yikorere umusaraba wiwe ankurikire (Mariko 8: 34). Umusaraba si ca giti mubona ku mashusho , mu mvugo yo muri Mpwemu, n’ukuvuga  »kwihangana »

Reka tugaruke kuri ya nshoka yacu! Aho ingorane zaturutse, niho umuntu w’Imana Elisa yatanguriye na none mu kuzitorera umuti. Yavuze ati: Iyo nshoka yaguye he? Arahamwereka.  Atema igiti agiterera mu mazi, ya nshoka irareremba.

Kristo nawe yabajije Adamu ati: Urihe? Ninde yakubwiye ko wambaye ubusa? Wariye kuri ca giti nakubujije kurya ho? (Itangiriro 3: 9, 11).  Soma neza aya majambo akurikira: Adamu ntiyihanganye yarariye aratsindwa na Satani. Yesu yarihanganye, ntiyariye, aratsinda Shetani.

Aho urugamba rwari rwaratanguriye rero, rugahemura intwari, niho n’iyindi Ntwari yarutanguriye irarunesha!

Mwame mwibuka ko inda ari mbi, ibi vyago biri mw’isi vyose biterwa n’inda no kwibona, kuko Satani yabonye ko ari vyo bishoboye gutsinda abana b’abantu mu rugamba urwarirwo rwose!

Dusabe Yesu ngo aduhe kwihangana! Hariya inshoka yacu yahora itumijukana ikagwa mu ruzi, habe ariho igiti c’umusaraba kiyitugarukanira, kuko n’intirano! N’ukuvugako hariya hose twahora dushika urugamba rwo mu mpwemu( mu mwuka/mu mutima) rukadutsinda, tubashe kuba ariho dutsindira! Erega ubugingo bwacu nabwo bumeze nk’inshoka y’intirano. Mwari mubizi se? Ivyanditswe bivuga ngo: Ivyo numva bakuvuga ko n’ibiki? Nyereka ivyo nakubikije vyose kuko ntuzongera kunkorera! (Luka 16: 2). Icompa mu gihe Uhoraho azoba ariko aradusaba kumwereka ivyo yatubikije, mwebwe mwese musoma iri jambo ry’Imana mukumva iri jwi ryiza rya Yesu ngo: N’uko mugaragu mwiza ukiranuka wakiranutse muri bike none nzakwongera vyinshi. Injira mu munezero wa Shobuja (Matayo 25: 21)

Uhoraho abagirire neza mwese, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Urashobora gufasha, twandikire tukwereke ico woshobora kudufashamwo: tremblay.francoise@yahoo.fr canke paroissetwihane@yahoo.fr

Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

1. Ntundengane Mukiza we, wumv’uko nganya

Ah’ugendera mu bandi nanje ntusige

Icitabirizo:

Yesu Mukiza wumv’uko nganya,

ah’ugendera mu bandi, nanje ntusige

2. Nje neger’intebe yawe, mpabw’imbabazi

Ngupfukamiye mbabaye, mpa kukwizera

3.Nta wundi nokwizigira ni wewe nshaka

Mvur’ibikomere vyanje umbabarire

4. Ur’isoko y,amahoro nyen’ubugingo

Singir’uwundi nambaza atari wewe

ISENGESHO RIHERUKA:

Mwami, nyuhagiza amaraso yawe waviriye ku musaraba kubera ivyaha vyanje. Mpa n’umutima wo kubiheba rwose. Amen.

Publié dans : |le 6 mai, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 30 NDAMUKIZA/ MATA 2010

 Ushobora kwifatanya natwe mu materaniro y’ABASOMA BIBILIYA, hamagara i Bujumbura kuri 79321090, kugirango umenye aho duteranira hafi yawe.

INDIRIMBO ITANGURA 

1. Mu bari mw’isi ntawugororoka

Kandi ntawuri no mw’ijuru

atar’abizera ko bogejwe de

N’amaraso ya Yesu gusa

2. Amaraso ya Yesu yogej’artyo

Abanduj’imitima yabo

Ntimukererw’ariko munyaruke

Mwisuke mu maraso yiwe

3. Umukiza niyaz’agarukanye

Ubwiza bwo kwubahwa rwose,

Abatari bwezwe bazinjir’iwe

Mu birori vy’ubukwe bate?

4. Ntibazohagararar’imbere yiwe

Bazohiduk’Ubwoba gusa

Mwiyambure rer’impuzu zanduye

Mubone kwambar’iz’ubukwe

 

Icitabirizo:

Wogejwe na Yesu, Watunganijwe n’amaraso?

Har’ubwo yakwuhagij’amaraso? Mbeg’imyambaro yaw’irera?

ISENGESHO:  

Ndagushima Data Wera, kandi ndagutazira imbere y’abamarayika biwe mu ngoro yawe yera. Inanga - trough zither of BurundiNinde ahwanye nawe mu vyo abantu bita imana? Jewe kuko wandinze kuva nkiri mu nda ya mama, gushika n’uwu musi, nje kuguhereza nanje ubugingo bwanje ubugabe ubuganze. Kuko wangiriye iciza gihebuje, warankunze cane, bituma utanga umwana wawe Yesu-Kristu, kugirango ni namwizera simpfe rubi, ngo hagupfa mpabwe ubugingo buhoraho. Kubw’ico, izina ryawe nirihimbazwe. Mana, ndasengeye abarundi bose n’abo mu yandi mahanga batarayoboka ijwi ryawe, bahamagare, bahindure, bakumenye kandi bagukunde, ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Kukw’amahanga yose azogendera musi y’imana zayo, twebwe tuzogendera musi y’izina ry’Imana yacu, ubu n’ibihe bitazoshira (Mika 4: 5)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA: 

Ibaruwa yarungikiwe itorero ry’i Efeso

Wandikire marayika w’ishengero ryo muri Efeso uti:  »Ufashe inyenyeri ndwi mu kuboko kw’iburyo, akagendera hagati y’ibiterekwako amatara indwi by’izahabu aravuga aya magambo ati:  »Nzi imirimo yawe, n’umwete wawe no kwihangana kwawe, kandi nzi yuko utabasha kwihanganira abanyangeso mbi, n’uko wagenzuye abiyita intumwa atarizo, ukabona ko ari abanyabinyoma. Uzi kwihangana kandi warenganirijwe izina ryanje ntiwacika inkokora. Ariko rero mfise ico nkugaya nuko waretse urukundo rwawe rwa mbere. Nuko ibuka aho wavuye ukagwa  wihane, ukore imirimo nk’iya mbere kuko n’utabikora nzaza aho uri, nkure igitereko cy’ itara ryawe aharyo nutihana. Ariko rero ufise icyo ngushimira, nuko wanka imirimo y’Abanikolayiti, iyo najye nanka. Ufite ugutwi ni yumve ivyo Mpwemu abwira amashengero.  »Unesha nzomuha kurya ku vyamwa vy’igiti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.

Twarize ko marayika bisobanurango  »uwushikiriza ubutumwa ». Iri baruwa hamwe n’ayandi, yarungikiwe amashengero, kuko niyo yarafise umurimo wo gushikiriza ubutumwa bwiza mu turere/mu ntara yarimwo: Dushobora kuvuga rero mu yandi majambo ngo: Andikira ishengero rimpagarariye muri Efeso. Efeso n’ukuvuga  »ikintu c’agaciro, canke  »c’akaror’uhore ». Kando nkako iryo torero ryari ryarabaye rurangiranwa mu kuyoboka Umwami Yesu. Dusoma aya magambo mu rwandiko Paulo yandikiye Abefeso ngo: Ndabandikiye mwebwe abera bari muri Efeso bizera Kristo Yesu… Nico gituma nanjye maze kwumva uburyo mwizera Umwami Yesu mugakunda abera bose, mbasengera ku Mana, igihe cose, nkabasengera ntahengeshanya, ngo Imana y‘Umwami wacu Yesu-Kristo, ariyo Data wa twese w’icyubahiro ibahe Umwuka w’ubwenge no guhishurirwa…. (Abefeso 1: 1, 15-17).

Ibindi womenya, n’uko mu mvugo y’ubuhanuzi bwa Bibiliya,  Efeso  igereranywa n’ishengero rya mbere ryo mu gihe c’intumwa, n’ukuvuga kugeza hafi mu mwaka w’100 nyuma y’ivuka rya Yesu. Nico gituma, mugomba kumenya ko itorero ryose ryo muri ariya matorero arindwi yo mu gitabo c’Ivyahishuwe, ryabayeho mu ntara / mu karere barivugamwo. Rigaca rigereranya na none imibereho y’itorero mu gihe runaka co mu mateka y’isi. Tuvuge ko muri iki gihe tugeze mu bihe bisa n’uko itorero ry’i Laodikeya ryari rimeze, kuko tugeze mu bihe vya nyuma vy’amateka y’itorero ry’Imana. Ni nazo mpamvu Yesu yiyerekanye afise inyenyeri zirindwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwako amatara.  Kuko  »Dore inyenyeri indwi nizo babamarayika b’ayo matorero arindwi, nayo ibiterekwako amatara n’ayo matorero arindwi (Ivyah. 1: 20):  Mu mvugo yo mu buhanuzi, Yesu arerekana ko ubuzima bw’abavugabutumwa bo mu matorero arindwi yar’abufise mu ntoke, kandi kugeza no ku mperuka, azohora acunze ishengero ryiwe.

Aya matorero arindwi yar’atonze ku muhanda umwe. Irya mbere ryaro i Efeso, iry’indwi ryari i Laodikiya. Noneho wa muhanda ugeze i Laodikiya ugaca wisaturamwo kabiri, ishami rimwe rikazamuka, irindi rikamanuka. Laodikiya navyo bisobanura ngo: Gucira abantu urubanza. Kandi koko igihe ni gito bamwe bakazafat’inzira izamuka abandi bakazafata iyimanuka. Burya urya murongo wo muri Yohana 3: 16, ntaco ubabwira? 

Uru rwandiko rurerekana ko Yesu na  Paulo bavuga bahuza. Yesu, mu kuvuga ngo:  »Wagenzuye abiyita intumwa atarizo » yerekanye neza rwose ko ivyo Paulo yavuze kw’itorero ry’i Efeso ko kwari ukuri ngo: Mwirinde ubwanyu, murinde ubusho (umukuku, umukumbi) bwose Umwuka Wera yabashinze ngo muburinde, kugirango murinde itorero ry’Imana iryo yaguze amaraso yayo. Nzi yuko ninamara kuvaho, amasega, (amabingira) aryana azinjira muri mwebwe ntazababarira umukuku/ umukumbi. Kandi muri mwe hazaduka abantu bavugira ibigoramye, kugira ngo bakururire abigishwa inyuma yabo, N’uko rero mube maso… (Ivyak. 19: 28-31). 

Iri torero ngo ryararenganijwe ariko ntiryacogora. Iki nico Umwami Yesu yifuza ku matorero yacu yose, no kuri buri muntu ku giti cye. Ni vyo bizatumwa tugira agaciro nka Efeso mu maso ya Yesu.

Iri torero ryageze aho rireka urukundo rwaryo rwa mbere. Ryaba se ryaribagiye gusengera abarirenganya? Yego nta vyera ngo de! Buriya, mujye mumenya ko tur’abantu buntu, Itorero ry’i Efeso Yesu yarihaye amanota meza, ariko aza kurigayira ako kantu katumye urukundo rudakomeza kururumba/kugurumana  mu mitima. Erega ngo  »Urugamba rushize kera, ngo ruhemur’intwari’. Ariko Yesu n’ubwo yarigaye, ngo yarabonye ukuntu rikomeza kugwanya ibinyoma vy’abayoboke ba Nikola (Abanikolayiti). Ni naho ryazakura imbaraga  zo kunesha. Ntawarenganya iri torero kuko buriya ngo  »hagwa uwuhagaze ». Iri torero, Kristo aribonamwo ukunesha, kuko niryo ryavuyemo Simurna, ariryo torero rya mbere ryaronse amanota 100%. Tuzabiraba ubutaha.

Mukurangiza, Kristo yemeye ko uwuzatsinda azarya ku mbuto z’igiti/ki vyamwa vy’igiti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana. Kuko i Efeso, har’abapagani bakabuhariwe, baseng’ibiti babizeyemwo ubuzima. Akebura itorero ryiwe ko ariwe giti c’ ubugingo co muro Paradiso y’Imana, kuko  yaranavuze ngo: Uwumuriye ntabona urupfu rw’iteka ryose (Yohani 6: 54). Iki giti c’ubugingo caravuzwe kenshi, ariko cateye urujijo abantu benshi twebwe tuzakiga naco, mu byigisho bikurikira. Kiravugwa mw’ Itanguriro 3: 22-24, Ezekiyeli 47: 12,  Ivyahishuwe 22: 2 na 14.).

Reka duhagararire ngaha rero, Uhoraho abana namwe mwese!.

Muhamagare abandi dusangire ijambo ry’Imana! Amen.

Urashobora gufasha, twandikire tukwereke ico woshobora kudufashamwo: tremblay.francoise@yahoo.fr canke paroissetwihane@yahoo.fr

Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

Mu kibanza c’indirimbo iheruka, fata Bibiliya yawe usome muri Zefaniya 3: 10-13. Aya majambo uyasome witonze, usanga yerekeye igikorwa c’Imana muri Afrika y’Abirabura muri iki gihe.

ISENGESHO RIHERUKA:

Mwami, nyongerereza umwetye wo kugukorera ntinuba, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans : |le 28 avril, 2011 |Pas de Commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 23 NDAMUKIZA/MATA 2011

 

INDIRIMBO ITANGURA 

1. Mu bari mw’isi ntawugoroka

Kandi ntawurino mw’ijuru

atar’abizera ko bogejwe de

N’amaraso ya Yesu gusa

2. Amaraso ya Yesu yogej’artyo

Abanduj’imitima yabo

Ntimukererw’ariko munyaruke

Mwisuke mu maraso yiwe

3. Umukiza niyaz’agarukanye

Ubwiza bwo kwubahwa rwose,

Abatari bwezwe bazinjir’iwe

Mu birori vy’ubukwe bate?

4. Ntibazohagararar’imbere yiwe

Bazohiduk’Ubwoba gusa

Mwiyambure rer’impuzu zanduye

Mubone kwambar’iz’ubukwe

 

Icitabirizo:

Wogejwe na Yesu, Watunganijwe n’amaraso?

Har’ubwo yakwuhagij’amaraso? Mbeg’imyambaro yaw’irera?

ISENGESHO:  

Data mukundwa, ndagutazira kubera uru urukundo rwawe ruzira guhemuka rungejeje uwu musi, izina ryawe ni rihimbazwe. Unyigishe guhamba kamere ya kimuntu hamwe naKristu, kugira ngonzukane nawe, nd’umuntu musha. NUMVA NSHAKA KWIHANA VY’UKURI, Data mwiza ndakwingize, nyakira, ku bwa Yesu-Kristu nyene, umwami wacu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Kristu, niwe bugingo bwacu; niyerekanwa, namwe muzoca mwerekanwa nawe muri mu bwiza (Abakolosayi 3: 4)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA: 

Muri iyi misi hirya no hino abenshi bahimbaza umusi mukuru wa Pasika, aho bibuka ukuzuka k’Umwami n’Umukiza wacu Yezu-Kristu, nipfujije gusangira iri jambo ry’Imana na mwebwe abarundi bene wacu, kuko ng’uwutarukuyagiye aba ar’ugusiganye.

Pasika nziza rero!

  « Nuko rer’asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, yicaye i buryo bw’Imana. Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw’ isi:  kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristu mu Mana. » (Abakolosayi ⁄ Abanyakolosi 3: 1-3)

Iri jambo ry’Imana ritanguye rivuga ngo:  »asangwa mwarazuranywe na Kristu »; n’ukuvuga ko mugomba kuba mwarahambanywe nawe rero imbere yo kuzukana nawe.  Guhambanwa na we, n’ukuvavanura na kahise muri wewe, ku giti cawe, nkuko vyavugwa mu kirundi ca kera ngo : umuntu yikuyemwo akamuhitiyemwo! Iyo ibiharage bimaze kuba  »bihitira » biba bitaye agaciro, n’iyo ubitetse ntibisha, n,iyo ubiteye mu murima ntibimera. Mbese nawe kwoba ar’uko? Imibereho yawe wumva ishobora gutuma uja mucobo nka Kristu, ukamera bundi busha nk’igiharage, ni bura bagashobora kugusoroma ko utuboga? Canke wabaye ibamba ritumva umunyu! Ubumara iyi Pasika igusanganye nibwo izohava igusigira? Sivyo nkwipfuriza, kandi nawe ndazi ko utavyipfuza!

Kristo rero, adufitiye uburyo bwiza bwo kudukuramwo akaduhitiyemwo, mu kuduha impano nziza atangira ubuntu yo kwihana kugirango tube ibiremwa bishasha.  Erega, umuntu wese iyo ari muri Kristu aba ari icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha (2Abakorinto ⁄2Abanyakorenti 5: 17).  Iyo ijambo ry’Imana rivuze ngo umuntu wese, n’ukuvuga ko ririko  riratunga urutoke wewe uriko urarisoma kuri iyo ordinateur yawe. Kugirango umutwe wari wuzuyemwo insaku n’ibihuha, Kristu awucishemwo imikubuzo, hasigare hari ivyiyumviro vyo kuremesha abagowe, abagwaye, vyo kwunga abatandukanijwe na za nsaku , vyose bikaba amahoro mu mutima w’umuntu. Umubiri wari warakongatajwe n’ubwayi bw’inzoga, usigara ushaka icowuha imbaraga zikwiye zo kurwana ku bo Imana yadushinze, mu miryango yacu no mu ncuti n’abagenzi. La bière à la banane: ça décoiffe!N’ivyo umuntu atunze ntaba akivyita ivyiwe, asigara yibaza ukuntu azishura Imana mu gihe yaje kumutirura ivyo yamutijije. Iyo umuntu atarahambanwa na Kristu, aravugango: Uwuriye utwiwe ntaba acumuye, ng’umugabo yiganje yica so agacura nyoko, n’ibindi… Buriya ibi ndavyanditse kuko nzi ko bibaho cane mu barundi no mu yandi mahanga. Hariho ijwi benshi badashaka kwumva ariko amaherezo rizobagera mu matwi n’ubwo bokwigira ibihangange gute. Riravuga ngo: Ivyo nkumvako n’ibiki? Harura igitigiri c’ivyo wabikijwe, kuko utagikwiye kuba umubwiriza wanje (Luka 16: 2)

Reka tubivuge gurtya: Uburundi buzoba igihugu c’ukuri c’akarorero mu bindi bihugu, mu gihe hazoboneka abarundi benshi bemerera Imana igahamba kamere yacu mu cobo hamwe na Kristu, kugirango tuzukane nawe turi ivyaremwe bishasha. Ivyaremwe bishasha, atari bamwe bo kwishimira ubuzima n’ubutunzi, ariko bakamenya ko iyi si tuyirimwo nk’ingenzi z’inyambukira.

Kristu arabitwereka mu kuzuka kwiwe: yaciye yisubirira kwa Data, kugirango atwereke ko azokiza abamwiyegereza bose , kandi bipfuza kumusanga kwa Data. Iman’ishimwe kuko dufise abavyeyi benshi b’abarundi n’abarundikazi bariko barakingura imitima yabo  kugirango Kristo yinjire abahindure, ngo bacike ibiremwa bishasha. Dushimire Imana nanone kubera urwaruka ruriko rurashaka Imana, bitewe n’ukuntu rwamaze gutahura ko ishavu n’agahinda benshi bapfanye vyatewe no kwumvira Shitani aho kwumvira ijwi ry’Imana. Ari mu gihugu hagati, ari hanze, biraboneka ko Imana iriko irakora umurimo wayo n’ubwo nyene, urwamfu rutabura mu ngano!

Kera twakuze batubwira ngo

Uburundi n’icibare c’Imana, ariko bagahindukira bakavuga ngo Uwutazi Uburundi aburunda mu nzu. Aha birumvikana ko mu gihugu c’Uburundi hamye har’ abarota ineza y’igihugu hakaba n’abandi bama barazwa ishinga no kuvuruga ico cibare c’Imana.  Icompa tugakomeza iri ragi ryo kwitwa icibare c’Imana, tukareka kwikekana. Kuko niba jewe mbaye icibare c’Imana, nawe ukaba icibare c’Imana, uyu mugani uvuga ngo Uwutazi Uburundi aburunda mu nzu, nta kibanza woba ugifise hagati ya jewe na wewe. Ibi nivyo Kristu yipfuza ntibiboneke mu mitima ya benshi. Icompa wewe usoma iri jambo, ukaba icibare c’Imana mu bugingo bwawe, maze abo bigize inshirwarimenetse mukwigira ingaruzwamuheto z’icaha, ni babura aho bahera mu kukurwanya bamaramare. Erega,  rya  jambo turiko turiga, riravugango: Mushire imitima ku biri hejuru, atari ku biri mw isi:  kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba bwarahishijwe hamwe na Kristu mu Mana. » Ntukemere ko umwansi aguca mu ryahumye ngo aje kugobotora ico Kristu akubikiye mu ngoma yiwe.

Ariko kenshi ingero y’umwana ngo ipfa mu magodoka. Mu gihe uriko uragenda ugana kwa Kristu niho umwansi agutega imitego ya  »karahabutaka » (mugani w’abanyarwanda). Usabwe guhanga amaso iyo uja, kuko handitswe ngo: Hazoshikayo abitwaje imiheto n’imyampi, kuko igihugu cose kizoba ari imikere n’amahwa (Yesaya 7: 23). Na Yesu ntivyamworoheye. Yakomeje imiheto n’imyampi yiwe mu ntoke, n’ukuvuga gusenga no kwihangana. Kristu, mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane Iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kandi amaze kwumvirwa kubwo kugamburuka kwiwe, naho yari Umwana (wayo) yakuye icigwa gikomeye mu vyo yababajwe, kandi amaze guhingurwa rwose, abera abamugamburukira bose isoko y’agakiza kadashira (Abaheburayo⁄Abahebreyi 5: 7-9).

N’uko rero tugwane rugabo umwe wese ku giti ciwe, kuko agakiza ntikaza mu mirwi, mu madini, mu moko, mu migambwe, mu misozi, canke mu ma s0ciétés twibumbiyemwo, ah’ubwo umuntu wese akizwa ku giti ciwe, kuko ahisemwo kwitura Imana. Kenshi, umugabo arashobora guhitamwo agakiza, umugore bikamunanira, canke umugore agahitamwo gukizwa, umugabo bikamunanira, umwana agahitamwo agakiza, kandi  abavyeyi biwe vyarabananiye.

Ingo dukore ibishoboka vyose kugirango urupfu rwa Kristu, n’izuka ryiwe tubicuruze kurya abacuruzi bacuruza ibicuruzwa, kugirango  tuhakure inyungu yo kubona ubugingo buhoraho. Kandi Kristu ni we atwereka isoko yo gucuruzamwo urwo rupfu: Aravuga ati: Ni mwagiriranira urukundo ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje. Ibikuranga muri iki gihe, ubona ari urukundo rwa Kristu, canke n’ugukunda bamwe abandi ukabacirakw’iteka? Kwihora abakugiriye nabi, ubona arivyo bikunze kwumvikana mu rurimi rwawe? Canke imbabazi n’ukugira neza, ubona arivyo bikuranga muri iyi misi? Iduka ryuzuyemwo ibicuruzwa  vy’amahoro canke vy’umudurumbanyo, n’uwo mutima wawe nyene.  Imirimo yawe n’amajambo yawe, bizotuma n’abandi baza gushaka urukundo rwa Kristu, canke urwanko rwa  Shitani muri  iyo mangazini yawe.

None gupfa no kuzuka kwa Kristu, wumva hari ico vyakumariye?

Abashakira abandi amahoro ava ku Mana, ni mubarungikire uru rwandiko, kuko nta wuzi inzira z’Imana uko zimeze. N’uwu musi Yez’arakiza!

Mugire Pasika nziza mwese.

Miburo Balthasar, umuvugabutumwa.

Urashobora gufasha, twandikire tukwereke ico woshobora kudufashamwo: tremblay.francoise@yahoo.fr canke paroissetwihane@yahoo.fr

Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

Mu kibanza c’indirimbo iheruka, fata Bibiliya yawe usome muri Abakolosayi 3: 1-4

ISENGESHO RIHERUKA:

Mwami, nyongerereza umwetye wo kugukorera ntinuba, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans : |le 22 avril, 2011 |1 Commentaire »

IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 16 NDAMUKIZA /MATA 2011

INDIRIMBO ITANGURA 

1. Nkukw’izuba rituvira, rikarabagirana

Nik’umuco wo mw’ijuru, Wansavye mu mutima

Wawukuyemo iby’amanjwe, Utangaz’ibihishwe

Kuko mu mutima wanje nahatuj’Umukiza

Icitabirizo:

Mbeg’umuco w’agatangaza,wansabye mu mutima

Ineza y’Umwami Yesu, yambereye nk’umuco

2. Natay’agahinda kwose, Ntabwo nkikitayeho

Kuk’unyambits’amahoro, Ameze nk’umwitero

Nkwerekejeh’umutima, Ndakwishimiye cane

Nzagezw’i wawe mw’ijuru narwa rukundo rwawe

Icitabirizo:

Mbeg’umuco…

Mukiza warancunguye Nd’uwawe uko ndi kwose

Nyemerera nguhmbaze nkuber’umuco waka

Nkwerekejeh’umutima ndakwishimiye cane

Nzoshitsw’i wawe mw’ijuru, na rwa rukundo rwawe

Icitabirizo:

Mbeg’umuco…

ISENGESHO:  

Data mukundwa, ndagutazira kubera uru urukundo rwawe ruzira guhemuka rungejeje uwu musi, izina ryawe ni rihimbazwe. Umpere umugisha muri  uwu musi wawe wera wejeje ukawuha umugisha, unyigishe kuryoherwa vy’ukuri n’uburuhukiro bubonerwa muri Kristo-Yesu, mu kubaha ivyo wasezeranije abagukunda, ukaduha n’iyi sabato yera. Ivyo mbigusavye ku bwa Yesu-Kristu nyene, umwami wacu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Nk’uko Se w’abana abagirira akagongwe, niko Uhoraho akagirira abamwubaha. Kuko aziiremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu (Zaburi 103: 13-14)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA: <

 AYA MABUYE IMAN’ISHOBORA KUYAVYURAMWO ABANA BA ABURAHAMU.

Mwoye kwiyumvira mu mitima muti dufise Aburahamu niwe Sogokuruza. Ndababwira yukw’aya mabuye Iman,ishobora kuyavyutsa mwo aba na ba Aburahamu (Matayo 3: 9)

Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 31 Nzero 2011 mu bihe vya saa munani z’ijoro nakanguwe n’ijwi ry’Imana, numva rimbwira aya majambo meza ngo: Aya mabuye Iman’ishobora kuyakuramwo abana ba Aburahamu. Aya majambo y’umuhanuzi Yohani Umubatizi nari nsanzwe ndayazi nkuko namwe muyazi mu butumwa bwiza bwanditswe na Matayo 3: 9. Ariko Umwami yanyeretse ubundi busobanuro bujanye n’igikorwa yar’amaze imisi anyeretse co kumukorera mu murima wiwe. Mu vy’ukuri nanje nari naratangajwe n’ukuntu abantu nari nziko batokwemera kuyoborwa n’amategeko y’Imana aribo basigaye bayagwanirira. Nageze naho nibaza niba ndi mu nzira y’ukuri koko, kuko uwu murimo ndiko ndawukorana n’abantu nahora nita  »abo hanze » nkuko imvugo y’idini yamenyereje.

Uhoraho yansobanuriye neza ko abantu bari bafise imitima idindiye ko bazoroha bakijukira kwizera ubutumwa bwiza bw,agakiza, no kubuvuga muri iyi misi ya nyuma. Nico ijambo ry’Imana ryita  » imvura y’urushana » mur’aya majambo ngo: Noneho ni munezerwe yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu, kuko ibahaye imvura y’agatasi ku rugero rukwiye, kuko ibarekuriye imvura ikabaha iy’agatasi n’urushana nk’ubwa mbere (Yoweli 2: 23). Aya n’amasezerano yavuzwe kuva kera atwereka ko igihe kigiye kuza aho ijambo ry’Imana rizovugwa n’imbaraga nyinshi, rikamera aho ryari ryaratewe mw’ivu, rikera vuba, Mpwemu w’Uhoraho akavomera imitima yizera nabinabi, hanyuma hakaza isarura. N’uko bene Data, mwihangane mushitse aho umwami Yesu azozira Eh’umurimyi arorera imirima myiza ayirindira yihanganye, gushitsa aho izoronkera imvura y’agatasi n’iy’urushana (Yakobo 5: 7). Twari dukwiye kuvira hasi icarimwe tugakora, kuko igihe c’imvura y’urushana n’iki. Hakenewe ukwumvira ijambo ry’umwami ngo: N’uko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data na Mwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabategetse vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi (Matayo 28: 19-20). Ng’ico ikizotuma aya mabuye avamwo abana ba Aburahamu, mw’izina ryera rya Yesu. Amen. 

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA

Urashobora gufasha, twandikire tukwereke ico woshobora kudufashamwo: tremblay.francoise@yahoo.fr canke paroissetwihane@yahoo.fr

Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

Mu kibanza c’indirimbo iheruka, fata Bibiliya yawe usome muri Matayo 28: 19-20

ISENGESHO RIHERUKA:

Mwami, nyongerereza umwetye wo kugukorera ntinuba, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans : |le 15 avril, 2011 |Pas de Commentaires »

IVYA TOMA INTUMWA YA YESU, TWABITAHUYE UKUTARIKO…

N’UKURI NYENE TOMA NGO NIWE YAR’AFISE UKWIZRA GUKE MU ZINDI NTUMWA?

Bakiriko baravug’ivyo, Yesu ubwiwe ahagarara hagati muri bo arababwira ati: Amahoro abe muri mwebwe! Ariko bafatwa n’ubwoba bacika ivutu, bagirango n’umuzimu babonye.  Arababaza ati: Ikibahagaritse umutima n’iki?Kandi n’iki gitumye muburanisha imitima? Ni murabe ibiganza n’ibirenge vyanje mumenye ko ari jewe ubwanje. Ni mukorakore murabe kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa, nk’ivyo mumbonana. Avuze artyo abereka ibganza vyiwe n’ibirenge. Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza ati: Har’utwokurya mufise hano? Bamuha igihimba c’ifi yokeje, aracabira akirira imbere yabo (Luka 24: 36-43)

Dukunda kwumva kenshi abantu bavuga ko Toma ariwe yar’afise ukwizera guke, bakamwita ngo Toma atizera. Ariko Bibliya yo imuvugako iki? Ah’ubwo Bibiliya imwerekana nk’umuntu w’intwari.  Ibaze nawe:  Kuri wa mugoroba aho Yesu yiyereka intumwa ziwe ko yazutse, Toma ariwe Hasa, umwe wo muri ba bandi cumi na babiri ntiyari kumwe nabo (Yohani 20: 24) Vyasaba ubutwari bukomeye cane kugirango wikure mu bandi, kuko bo bo baheze mu nzu. Inzugi zari zugaye aho abigishwa bari, kubwo gutinya Abayuda. (Yohani 20: 19. Birumvikana ko bari babonye ko Shebuja wabo afashwe akabambwa, bibaza ko nabo bazohava babagirira gurtyo nyene. Igihe Yesu yaboneka muri bo, bari bacitse intege. Arababaza ati: Ikibahagarutse umutima n’iki? Kandi n’iki gitumye muburanisha umutima? (Luka 24: 38).  Niho rero Yesu yabahaye ikimenyetso kigira kabiri: Abasaba ivyo kurya, bamuha ifi yokeje, arayakira, ayirya bose bamuraba (Luka 24: 42-43).

Yamara, Toma ntiyagoranye cane rwose nk’abo bandi cumi, naho tumubeshera ngo yarafise ukwizera guke: Abo bandi barakorakoye, bibagora kwemera, gushika n’aho Yesu abaha ikimenyetso ca kabiri, arinda kurya ifi bamuraba. Ariko Toma we yarakorakoye, aca yemera ubwo nyene.  Mbere, dushobora kuvuga ko kur’abo cumi, ko ubu buhanuzi bwerekeye Farao umwami wa Egiputa bwabarangukiyeko ngo: Ni batemezwa n’ikimenyetso ca mbere, bazemezwa n’ica kabiri (Kuvayo 4: 8). 

Toma yari yavuze ati:Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera (Yohani 20: 25).  

Maze imisi umunani ishize, abigishwa bari mu nzu ukundi gusha, na Toma bari kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, ati: Amahoro abe muri mwebwe. Maze abwira Toma ati: Zana hano urutoke rwawe, urabe ibiganza vyanje, zana n’urushi ushire mu rubavu rwanje, ntaco utizera, ariko ube uwizeye. Toma aramwishura ati: Mwami wanje kandi Mana yanje. Yesu aramwishura ati: Wijejwe n’uko umbonye. Hahirwa abatarinze kubona yamara bakizera (Yohani 20: 26-29). Yesu yarashimye ukwizera kwa Toma. Mur’iri jambo ngo : ntaco utizera ariko ube uwizeye, Yesu ariko aramwinginga ngo ntamere nka ba bandi cumi, kuko bo vyabagoye kwemera. Toma yarakundiye Yesu, amaze gukorakora za nkovu, ntiyataye n’isegonda n’imwe, yaciye yikubita imbere yiwe ati: Mwami wanje Mana yanje. Mbere ubiravye, mu bigishwa bose babonekewe na Yesu inyuma yo kuzuka kwiwe, nta wigeze amwemera vuba na vuba nka Toma.  Na ba bigishwa babiri b’i Emmausi, ntibigeze bemera vuba nka Toma, gushika naho Yesu aheba arabakankamira ati:  Yemwe mwa mburabwenge, imitima yanyu itevye kwizera ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyose! Mbega Kristu ntivyari bikwiye ko ababazwa artyo ngw’abone kuja mu bwiza bwiwe? (Luka 24: 25-26). Ariko Toma we yabwiwe ngo: Wijejwe n’uko umbonye (Yohani 20: 29). Kandi ni vyo koko, yarabonye ico yashaka, aca yizera ubwo nyene. 

N’uko rero bene Data, murabona ko na twebwe dukunda kwitwara nka za ntumwa zindi. Nta kwemera gukomeye nk’ukwa Toma dufise. Ni kangahe Umwami Mana yaduhaye ibimenyetso ko ariwe atubeshejejo akaba ariwe aturwanirira adukingira ivyago vyose, ariko tukamana ubwoba, dutetemera, canke duhahamira ibindi bitagira akamaro gusumba Imana? 

Abigishwa ba Yesu bo bibajije ngo kubera ko inzugi zugaye neza, ngo nta mwansi yobatera. Ariko umwansi ntabura aho aca, ahabuze yoshobora no kuguturirira mu nzu, ugahiramwo.  Ariko Umwami w’abami we yar’aje, kandi iyo nzu yugaye, abahagarara hagati, ati: Amahoro abe muri mwebwe (Yohani 20: 26).

Uwo Yesu, niwe akuramukije nawe mur’aka kanya, naho uriko urihisha muri ivyo biguhagaritse umutima, aguhagaze imbere, arakubwira ati: GIR’AMAHORO MWANA WANJE! Icompa uwu musi ukamwemerera udashidikanya nka Toma, ukamugira umwami n’umukiza wawe, ukamwimika mu bugingo bwawe, uti: MWAMI WANJE, MANA YANJE!

Ni wamugira Imana yawe, Azokubundukira mu moya yiwe, kand’uzohungira musi y’ivyubi vyiwe (Zaburi 91: 4) Amen 

Publié dans : |le 14 avril, 2011 |Pas de Commentaires »